Sat B yakoze amateka indirimbo yiwe iba iyambere irabwe cane kuri youTube mu misi ibiri

Share this news

Bizimana Aboubakar benshi bazi kumazina y’umuziki nka SAT B canke Satura amabafle yongeye gukora amateka aho indirimbo yiwe nshasha”Feel Love” yabaye iyambere mu Burundi irabwe n’abantu benshi kurubuga gurukana bumenyi rwa Youtube mu gihe c’umwanya muto cane . Ibi vyabaye inyuma yaho indirimbo “FEEL LOVE”nshasha ya SAT B ishoboye gushikana abantu bayiravye ibihumbi mirongo ibiri […]

Lolilo yahambije kidum na khadja Nin mu baririmvyi ba Barundi bituma yenurira mukeba wiwe Big Fizzo

Share this news

Nzeyimana Nassor Salum benshi bazi kw’izina ry’umuziki nka Lolilo yahambije bagenzi biwe kidum na khadja Nin mu baririmvyi babarundi bamazwe kurabwa n’abantu benshi kurubuga ngurukana bumenyi rwa Youtube bituma yenurira mukeba wiwe Big Fizzo biboneka kwa kiri kure kugira ashike kuriyo ntabwe. Lolilo rero akaba yahambije ,bagenzi biwe kidum na khadja Nin mu baririmvyi babarundi […]

Stikk El Negro yaciye amazi abaririmvyi bose ba RNB babarundi akuramwo umwe gusa yemeza kwariwe arusha abandi kwandika ibintu bitomoye

Share this news

Stikk El Negro umuririmvyi asanzwe abarizwa mu murwi wa OVERDO TEAM FOREVER ,akaba n’umwe mubaririmvyi babarundi bazwiko kuba bazi kuririmba umudiho wa HIP HOP mururimi rw’ikinofunofu (Francais )kurusha abandi mu Burundi ,yaciye amazi abaririmvyi babarundi na cane cane abasanzwe baririmba umudiho wa RNB. Ibi Stikk yabishikiriza afatiye kukungene imiyabaga ya barundi batigera bakunda na gato […]

Ngo naho abakobwa bakunda kwigana Rihanna iki kirato coco azocambara wenyene 不不不不

Share this news

Robyn Rihanna Fenty, azwi cane kw’izina ry’umuziki nka Rihanna akaba n’umwe mu bigeme babanyamuziki bakundwa cane muri Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe no kw’isiyose yongeye kuboneka yambaye ikirato gitangaje ndetse bituma abigeme benshi mubahora bamurabirako bemeza ko iki kirato gishasha ca Rihanna batorota bacambara bivanye n’ingene gikoze. Nkuko vyibonekeje kw’ifoto Ikirato Rihanna yari yambaye […]

Natacha yakoranye indirimbo n’umwamikazi w’umuziki muri East Africa,Sheebah Karungi

Share this news

Ngendakumana Natacha azwi kw’izina ryakazi canke izina ry’umuziki nka Nathacha Burundi yongeye guera iyindi ntabwe mu muziki wiwe mugukorana indirimbo n’umwe mubigeme bakomeye cane mu muziki wakarere ka Africa y’ubuseruko . Nkuko Natacha Burundi yabidutangarije ngo uyu bakoranye iyi ndirimbo yiwe ni Sheebah Karungi umuririmvyikazi wo mugihugu ca Uganda akaba nk’umwe mubafatwa nk’umwamikazi w’umuziki muri […]

Jemima Hicintuka ,umurundikazi aririmba abaje kumuraba bakarira yatangaje ikintu kidasanzwe kimushikira iyo agiye kuririmba

Share this news

Jemima Hicintuka umurundikazi aba mugihugu ca Sweden akaba n’umwe muri 12 basigaye mw’ihiganwa rya Idol 2017 ryo mu gihugu ca Swede yatangaje ikintu kidasanzwe kimushikira mugihe agiye kubutambiro(Scene)agiye kuririmba. Akorana ikiganiro n’umumenyeshamakurukazi wo kumbonesha kure ya TV4 yo mugihugu ca Swede ,Jemima Hicintuka ntiyahishije na gato ingene aba amerewe mugihe agiye kubutambiro (Scene)agira atangure kuririmba. […]

Zodwa Wabantu azwiko kutambara ikareso yongeye gusotora Robert Mugabe ,amubwira kwamukunda

Share this news

Zodwa Wabantu ,Umunyamideli wo mugihugu ca Africa Y’epfo ,akaba umwe mubakobwa bamenyekanye cane mu karere k’ubumanuko bwa Africa kubera ukutambara uduhuzu tw’imbere mugihe yatumiwe mu manza zihambaye,yongeye gusotora umukuru w’igihugu ca ZIMBABWE bwana Robert MUGABE ,mu kumubwira kwamukunda. Ibi Zodwa Wabantu akaba yabikoze inyuma yaho ,umukuru w’igihugu ca Zimbabwe ,Robert Mugabe arahiriye akarengwa ko uyu […]

Ashley Diva abandanya asotora abagabo mu kwifotoza yambaye ikareso gusa:amafoto

Share this news

Umuririmvyikazi w’umwigeme azwi nka Ashley Girukwishaka canke Ashey Diva akaba n’umwe mu baririmvyi ba bigeme bafatwa nkuko bamaze kugera aho bishikanye kubera umuziki,abandanya asotora agitsinagabo mugushira amafoto yamabaye ikareso kurukuta rw’iwe rw’ingurukana bumenyi. Ashey Diva rero akaba ataribwo bwa mbere asize amafoto nkaya ahabona haba kurubuga ngurukana bumenyi Facebook canke Instergram. Tubibutse ko Ashley Diva […]

Swede:Umwigeme w’umurundikazi “Hicintuka”abandanya kuriza abantu kubera ubuhinga afise bwo kuririmba :Raba Video

Share this news

Mwihiganwa rizwi cane nka “Idol Sverige” ryo mugihugu ca Swede ,umwe mu barundikazi basanzwe baba murico gihugu abandanya gukora ibidasanzwe mu kuririmba bikanatuma bamwe mubaje kumuraba bakorora amasozi ndetse nabajejwe gutanga amanota muriryo higanwa nabo bikabankira ko bihangana bagasanga bakoroye amarira. Mugihe ihiganwa rya “Idol Sverige ” rigeze mugice ca gatatu ca nyuma ,umurundikazi JIMIMA […]