Ivya Arusha vyatanguye kuba akananira bahinga abagiye baserukiye UPD zigamabinga bihakanwe :amajwi

Share this news

Mu gihe ibiganiro bihuza abarundi mu gihugu ca Tanzania mu gisagara ca Arusha bigeze kumusi wavyo ugira indwi bamwe mubagiye kwitaba ivyo biganiro batanguye kwihakanwa nabasanzwe barongoye imigabwe bagiye baserukiye murivyo biganiro. Abambere batanguye kwihakanwa n’abagiye guserukira umugabwe UPD Zigamabinga usanzwe uzwi neza kuri mur’imwe mu migabwe itavuga rumwe na Reta. Nkuko vyashikirijwe n’uwusanzwe aserukira […]

CHarles Nditije yatunze urutoke imbonerakure ,anazagiriza gushaka kugandagura impunzi :umviriza amajwi

Share this news

Ashikiriza ico agona ku nkoho zishika kuri 40 ziheruka gufatirwa mw’ikambi y’impunzi iri mu gihugu ca Tanzania Karori Nditije asanzwe ariwe aramutswa urunanini CNARED Giriteka (Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha et la Restauration d’un Etat de droit au Burundi)yashikirije amajambo asa aho dasanzwe aho yariko aravuga umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Fyonda ngaha […]

Laurence Ndadaye ,asigwa na Melchior Ndadaye yatunze agatoke aba Generari bagandaguye umugabo wiwe :amajwi

Share this news

Laurence Ndadaye umutambukanyi w’umuhisi Melchior Ndadaye yasavye ubutungane ko bwokora bukamuha abamugandaguriye umugago kuko abamwishe batigeze bajanwa imbere y’ubucamanza na rimwe. Umviriza mu majwi Laurence Ndadaye ingene yavyigana ngaho musi: Fyonda ngaha udukurikire kuri facebook ubandanye uronka amakuru yacu bikworoheye

Vladimir Putin yishwe nagatwengo igihe umushikiranganji wiwe yamubwira aya majambo akurikira

Share this news

Mu nama nshikiranganji yariko irabera kumurwa mukuru w’igihugu ca Russia i MOSCU,umukuru w’igihugu ca Russia bwana Vladimir Putin yishwe nagatwengo biranka kwaheza gutwenga bivanye n’iciyumviro umushikiranganji wiwe w’uburimyi n’ubworozi yarashikirije bari mu nama. Ibi vyabaye mugihe Vladimir Putin yari yatumiye abashikiranganji bose bo muri Russia ngo bige ingene boduza ubutunzi bwabo kurugero rwo hejuru. Bidatevye […]

Uwasize hanze amafoto ya trump asa nuwuriko arakora imibonano mpuzabitsina ,ari mumazi abira

Share this news

Alison-jackson umumenyesha makuru akongongera akaba nagafotozi wo mugihugu c’ubwongereza ari mu mazi abira inyuma yaho yitoye ataruhusha abifitiye agashira hanze amafoto y’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump ,amwerekana nkuko yariko akora imibonano mpuza bitsina. Aya mafoto ya alison-jackson akimara gushika kumbuga ngurukana bumenyi ,abasanzwe bajejwe kumenyesha amakuru mu Bueau vy’umukuru w’igihugu […]

Umukuru w’igihugu wa Gambia,Yahya Jammeh yisubiyeko yanka amatora inyuma y’imisi 8 yemeye ko yatsinzwe

Share this news

Yahya Jammeh ,umukuru w’igihugu ca Gambia akaba umwe mubakuru b’ibihugu ba Africa bivugwa batwazwa umukazo ,yisubiyeko ahakana ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 01 kigarama 2016. Naho Yahya Jammeh yaheruka kwemera kumugaragaro ko Adama Barrow bahiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu ca Gambia kwariwe yatsinze amatora yo kuba umukuru w’igihugu mushasha wa Gambia,kuruyu wa gatanu […]

Jeremie Minani ajejwe kumenyesha amakuru muri CNARED yabaye uwambere amenyesha kwababajwe no kubona Willy Nyamitwe yarusimbutse.

Share this news

Jeremie Minani asanzwe ajwejwe kumenyesha amakuru mu runani rwishinze kugwanira amasezerano ya Arusha hamwe no kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ,CNARED Giriteka ,yabaye uwambere yemenga kwababajwe no kubona Wily Nyamitwe,umuhanuzi mukuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu ataguye mu mutego wabitwaje ibigwanisho. Abicishije kurukuta rwiwe ngurukana bumenyi rwa Facebook Yeremiya Minani yagize ati:”“En âme et conscience, comment peux-je condamner […]

Willy Nyamitwe yacucagiweko amasasu n’abantu bitwaje ibigwanisho ,ararusimba,umwe mubamucungera ahasiga agatwe

Share this news

Willy Nyamitwe ,umuhanuzi mukuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu akaba numwe mubegereye cane umukuru w’igihugu yaguye mu mutego wabantu bitwaje ibirwanisho ,muriri joro ryo kuwambere ,igenekerezo rya 28 munyonyo 2016. Iki gitero cabantu bitwaje ibigwanisho cabereye muri Quartier ,Willy Nyamitwe asanzwe abamwo ahasanzwe hazwi nka Kajaga hari mu Buraruko bushira uburengero bw’igisagara ca Bujumbura. Amakuru yabegereye […]

Uru nirwo rutonde rwabasirikare 9 babarundi birukanwe mu butumwa bamahoro muri Centre Afrique

Share this news

Abasirikare bashika kw’icenda babarundi bari mu butumwa bo kuarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Centre Afrique birukanwe n’ishirahamwe rijejwe amahoro n’umutekano kw’isi ONU. Nkuko bitangazwa na Matthew Russell Lee asanzwe ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muriryo shirahamwe ,yamenyesheje kuruyu wa kane kw’igenekerezo rya 24 munyonyo 2016,ko ishirahamwe ONU ryafashe ingingo yo kwirukana abasirikare babarundi bashika […]

Didace Kiganahe,yahoze ari umushikiranganji w’ubutungane ,ari mu mazi abiri inyuma yo gufatwana umwana w’umwigeme w’imyaka 15 mw’ihoteri

Share this news

Kumyaka irenga 60 y’amavuko ,Didace Kiganahe yahora ari umwe mubaserukira abanyagihugu mu mwaka wa 2000 gushika muri 2005 akongera akaba icegera c’ambere c’umukuru w’inama nshingamateka mu ntwaro mfata kibanza ,akongera akaba n’umushkiranganji w’ubtungane ,ubu ari mumazi abira ,inyuma yo kwagirizwa gukoresha umwana w’umwigeme w’imyaka 15 ubusambanyi igihe kingana n’ukwezi. Aka kambaro kibara rero kakaba kabereye […]