Ubudagi bwahimbaje ubugeni bwabo bwambere bwababakanye bahuje ibitsina

Share this news

Igihugu c’uBudagi (Allemagne )cahimbaje kumugaragaro ubugeni bwambere bwabubakanye basanzwe bahuje ibitsina kuva itegeko rikingira abahuje ibitsina ryashirwa mungiro. Kw’igenekerezo rya 15 mukakaro 2017 niho abajejwe gutora amategeko bemeza neza ko abasanzwe bashaka kwubakana bahuje ibitsina mu gihugu c’uBudagi ko bibikora atankomanzi kandi kwamategeko azoba abikingira ndetse ko bazoba bafise uburenganzira bwo kubikora nkabandi bose basanzwe […]

Ethiopia:ubugeni bw’umuganwa yarongoye umukobwa bahuriye mu butambiro buriko buravugisha benshi

Share this news

Ariana Austin umunyamerikakazi w’imyaka 33 yamavuko yabaye umuganwakazi inyuma yo kurongorwa n’umuhungu w’umuganwa akomoka kuri Négus Haile Selassie Ier umwami wo muri Ethiopia . Ariana Austin w’imyaka 33 asanzwe afise inkomoko muri reta zunze ubumwe za Amerika ,akaba yakoze ubugeni na Joel Makonnen w’imyaka 35 yamavuko inyuma yo guhurira munzu y’ubutambiro muri reta zuze ubumwe […]

Zodwa Wabantu azwiko kutambara ikareso yongeye gusotora Robert Mugabe ,amubwira kwamukunda

Share this news

Zodwa Wabantu ,Umunyamideli wo mugihugu ca Africa Y’epfo ,akaba umwe mubakobwa bamenyekanye cane mu karere k’ubumanuko bwa Africa kubera ukutambara uduhuzu tw’imbere mugihe yatumiwe mu manza zihambaye,yongeye gusotora umukuru w’igihugu ca ZIMBABWE bwana Robert MUGABE ,mu kumubwira kwamukunda. Ibi Zodwa Wabantu akaba yabikoze inyuma yaho ,umukuru w’igihugu ca Zimbabwe ,Robert Mugabe arahiriye akarengwa ko uyu […]

Congo:umukobwa wa President ari mumazi abira inyuma yubusambanyi yakoze aciye inyuma umugabo wiwe

Share this news

Claudia Sassou NGuesso ,umwe mu bigeme bumukuru w’igihugu ca CONGO Brazzaville ,ari mumazi abiri inyuma yaho umusore bahorana bakorana ubusambanyi aciye inyuma umugabo wiwe ashiriye amasanamu y’imibonano mpuzabitsina baheruka gukorana . Aya masanamu ya Video akimara kuja hanze ,umukuru w’igihugu ca CONGO Brazzaville abicishije kumuvugizi wiwe ajejwe ibijanye kumeyesha amakuru bwana Thierry Moungalla yihutiye kubeshuza […]

Ubu nimbo bwiza buranga Divine ,Umurundikazi yabaye uwambere muri Europe yose aba uwakane kw’isi yose mu kwifotoza

Share this news

Mw’ihiganwa ritegurwa na “World in Black&White” ishirahamwe rigizwe n’bahinga mubijanye no gufata amafoto ryo muri Reta zunze ubumwe za Amerika ,umurundukazi niwe yatahanye ikibanza c’ambere kumugabane wa Europe atahukana n’ikibanza ca kane kurwego rw’isi yose. Marie-Divine Ndayishimiye umurundikazi w’imyaka 21 y’amavuko,asanzwe aba mu gihugu ca Norvège n’umuryango wiwe , niwe yatahukanye ikibanza cambere kumugabane wa […]

Tanzania,umugore yaciye inyuma umugabo wiwe ahita amatana n’umusore bari bagiye gusambana:Video

Share this news

Mu gisagara ca Arusha kiri mu gihugu ca Tanzania ,mu gice ca Daraja mbili umukenyezi yaciye inyuma umugabo wiwe aca amatana n’umusore bariko barakora iyo mibonano mpuza bitsina. Raba Video y’ingene vyari vyifashe umugore ariko aratakamba ngo abari ngaho bamufashe babatandukanye nuwo bari bamatanye. .

Didace Kiganahe,yahoze ari umushikiranganji w’ubutungane ,ari mu mazi abiri inyuma yo gufatwana umwana w’umwigeme w’imyaka 15 mw’ihoteri

Share this news

Kumyaka irenga 60 y’amavuko ,Didace Kiganahe yahora ari umwe mubaserukira abanyagihugu mu mwaka wa 2000 gushika muri 2005 akongera akaba icegera c’ambere c’umukuru w’inama nshingamateka mu ntwaro mfata kibanza ,akongera akaba n’umushkiranganji w’ubtungane ,ubu ari mumazi abira ,inyuma yo kwagirizwa gukoresha umwana w’umwigeme w’imyaka 15 ubusambanyi igihe kingana n’ukwezi. Aka kambaro kibara rero kakaba kabereye […]

Egypte,umwana w’imyaka 12 yategetswe gukora ubugeni na muvyarawe w’imyaka 11 kugira baronse umuryango wose umugisha

Share this news

Mu gihugu ca Egypte ,gisanzwe gifatwa nk’igihugu cakarorero muri Africa ,uhereye kw’iterambere n’inibereho y’abanyagihugu ndetse na kahise kadasanzwe ,habonetse umuryango utegeka abana basanzwe bava mumuryango umwe bakiri bato cane gukora ubugeni vyihuta kugira Imana ibashe kuguma ihezagira umuryango wabo . Omar w’imyaka 12 gusa yamavuko niwe yategetswe kwubaka urwiwe na muvyarawe Gharam nawe akiri muto […]

Nella Neth umunyamideli w’umurundikazi aba muri Sweden murukundo rudasanzwe n’umusore w’umuzungu

Share this news

Kaze Nella azwi kw’izina rya Nella Neth Neth akaba n’umwe mu bigeme bakina mugakino kakunda guca cane kumboneshakure RTNB kitwa “Umuco“,akongera akaba umwe mubigeme babarundi basa nabagize umwuga kwerekana imideli, yerekanye umusore w’umuzungu basigaye bari murukundo bimwe bidasanzwe. Abicishije kurukuta rwiwe rwa Facebook rusanzwe rukurikirwa n’abantu benshi cane,Nella Neth yerekanye umusore w’umuzungu yigaruriye umutima wiwe […]

Kayanza: évelyne yafashwe kunguvu ,anyarukira kwa Patiri kwirega ,ariko patiri amutera akagere , évelyne aca ahitamwo kwiyahura.

Share this news

Umwigeme w’imyaka 17 yamavuko wo muri komine ya Muhanga mu Ntara ya Kayanza yiyishe urupfu rubabaje abanje kwiyahura inyuma yo gufatwa kunguvu . Nkuko amakuru ava ngaho mu kayanza abimenyesha ,Uyu mwigeme yiyishe yimanitse azwi nka évelyne ,akaba yarasanzwe yiga mu mwaka w’umunani muri Komine ya Muhanga kumusozi wa Nyamwera ,akaba yiyahuye inyuma yo gukorerwa […]