Abakunzi ba Vital’o agashavu karaniga kubera ugusezeregwa mu nkino za CAF champion League

Share this news

Gutsinda kumurwi wa Vita’o ntivyayibujije gusezera inkino z’imirwi yabaye iyambere mu mahiganwa iwayo kubera ubwinshi bw’ibitsindo umurwi wa Vital’o wari watsindiwe mugihugu ca Nigeria n’umurwi wa Enyimba.

Murukino rwabereye kuruyu wa gatandatu igenekerezorya 19 ndamukiza 2016 kukibuga c’umupira wamaguru c’itiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ,umurwi wa Vital’o usanzwe umenyerezwa na Etienne Ndayiragije washoboye gutsinda umurwi wa Enyimba wo mugihugu ca Nigeria ibitsindo 2 kuri 1 ,ariko ibi bitsindo ntaco vyamariye umurwi wa Vital’o kuko warusanzwe ufise ideni ry’ibitsindo vyinshi watsindiwe mugihugu ca Nigeria.

Umurwi wa Vital'o kw'ifoto

Umurwi wa Vital’o kw’ifoto

Vital’o ikaba yaciye isezera inkino za za CAF champion League z’imirwi yabaye iyambere mu bihugu iwabo ,kubera murukino rwari rwabahuje na Enyimba mugihugu ca Nigeria umurwi wa Vital’o wari wanyagiwe ibitsondo 5 kuri kimwe.

Ibi bikaba vyaciye bituma umurwi wa Enyimba wo mugihugu ca Nigeria ugira muri rusangi ibitsindo 6 mugihe umurwi wa Vital’o wagize ibitsindo 3 gusa.

Ibi rero vyatumye bamwe mu bakunzi bu murwi wa Vital’o badahisha ishavu ryabo aho bamwe muribo bidogera cane umumenyereza bakongera bagashira uko gutsindwa kumurwi wabo kumumenyereza mushasha w’umurwi wa Vital’o kuko bitumvikana ingene yari gutsindwa ibitsindo 5 vyose n’umurwi usanzwe ubarizwa mukibanza ca 18 mw’ihiganwa rya Nigeria muri kino gihe ,mugihe umugwi wa Vital’o ariwo uri kumwanya wambere ngaha iwacu.