Bavutse aramahasa ariko bavuka mu myaka itandukanye n’imisi itandukanye

Share this news

Jealyn na Luis namahasa yavukiye mugisagara ca San Diego mu ntara ya Califorinia isanzwe iri muri reta zunze ubumwe bwa Amerika,aba bana naho ari amahasa bavutse kumisi itandukanye n’imyaka itandukanye.

Mubisanzwe aba bana babiri umwe asanzwe ari umwigeme mugihe uwundi ari umuhungu ,ariko bafise ico bsangije kuko ariyo mahasa yambere ashoboye kutavukira mumwaka umwe.
JEALYNE ariwe yatanguye kuvuka yavutse itariki 31 kigarama igihe c’isaha zitanu n’iminota 59 ( 31/12/2015 >>23h 59min),mugihe mutoya wiwe ariwe muhungu yavutse itariki imwe nzero 2016 (1/1/2016)igihe c’isaha 0h02 min.

Jealyn na Luis kw'ifoto

Jealyn na Luis kw’ifoto


Maribel Valencia nyina waba bana yashikanwe kubitaro itariki 31 kigarama ,mugihe wewe yibaza kwabana biwe baza kuvuga kumusi wanyuma wumwaka siko vyaje kugenda ahubwo baje kuvuka mugihe kinyuranye.

Kuncuro yambere amahasa akaba aribwo avutse mu myaka itandukanye hamwe n’imisi itandukanye,kuko amahigwe yavyo ngo yaba ari make cane.
Umwe mubaganga bafashije uwo mukenyezi kwibaruka yamenyesheje ko kuriwe ari igitangaza kuko mumyaka 34 yaramaze akora akazi kubuganga atari bwabone ico gitangaza.

Luis ,se wabo bana yamenyesheje kwari umunezero udasanzwe kumuryango wiwe ,kw’abana biwe ari igitangaza ndetse ko kizobababera ikintu ciza mugihe bazoba bamaze guca ubwenge bagatahura ivyabashikiye.