Congo:umukobwa wa President ari mumazi abira inyuma yubusambanyi yakoze aciye inyuma umugabo wiwe

Share this news

Claudia Sassou NGuesso ,umwe mu bigeme bumukuru w’igihugu ca CONGO Brazzaville ,ari mumazi abiri inyuma yaho umusore bahorana bakorana ubusambanyi aciye inyuma umugabo wiwe ashiriye amasanamu y’imibonano mpuzabitsina baheruka gukorana .

Aya masanamu ya Video akimara kuja hanze ,umukuru w’igihugu ca CONGO Brazzaville abicishije kumuvugizi wiwe ajejwe ibijanye kumeyesha amakuru bwana Thierry Moungalla yihutiye kubeshuza ayo makuru abeshuza ko umwana wiwe atokwigera aja murizo ngeso ndetse ko ababikoze babikoze muntumbero yo gushaka guhungabanya umuryango wabo hamwe no kuwutesha agaciro.

Naho abasanzwe begereye ubutegetsi bwa Denis Sassou NGuesso babandanya bashaka gupfukapfuka iryo bara ,abanyagihugu bobo bo mu murwa mukuru wa CONGO Brazzaville bafadikanije nabasanzwe baba mumahanga babandanya basaba umukuru w’igihugu gukura mu mabanga uwo mwigeme wiwe kuko ivyo yakoze biteye isoni.

Tubibutse ko uyu mukobwa Claudia Sassou NGuesso asanzwe ari mubahanuzi mubijanye no kumenyesha amakuru mu bureau vy’umukuru w’igihugu ca CONGO Brazaville.