Cristiano Ronaldo yafashwe n’ishavu bituma ata mukiyaga Microphone y’umunyamakuru yashaka kumuvugisha

Share this news

Cristiano Ronaldo ,kizigenza w’umurwi wa Portugal akana n’umusatirizi w’umurwi wa Real Madrid yo muri Espagne yerekanye agashavu kadasanzwe bituma afata Microphone y’umumenyesha makuru yaraje kumubaza ibibazo arayita.

Ibi vyabaye kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 22 ruheshi 2016 aho umunyamakuru Diego Torres asanzwe akorera imboneshakure CMTV yagriko aragerageza kubaza Cristiano Ronaldo ibibazo bijanye n’umurwi wa Portugal asanzwe abereye kizigenza(captain).

Aganira na BBC yo mubwongereza ,umunyamakuru Diego Torres yagize ati”Nabajije Ronaldo ingene yiteguriye urukino rwari rugiye kubahuza n’umurwi wa Hongria. Ntiyigeze anyishura na gato , ahubwo yanshikuje Microphone yanje aca ayita mukiyaga ”

Diego Torres yabandanije amenyesha ko yibaza ko ibi Ronaldo yabikoze kubera agashavu asanzwe afitiye iyo mbonesha kure kubera ikunda kumuvugako amakuru atishimira rimwe rimwe.

Kuruhande rwa Cristiano Ronaldo akaba atanakimwe yigeze atangaza ,inyuma yico gikorwa ndetse akaba yamenyesheje kwatanakimwe yipfuza gushikiriza kuvyerekeye iyo Microphone yataye mu kiyaga.

Tubibutse kumurwi wa Portugal ,Cristiano Ronaldo abereye kizigenza washitse mugice ca 1/8 c’inkino za Euro 2016 biwugoye cane inyuma yo kunganya n’igihugu ca Hongria ibitsindo 3-3.