Didace Kiganahe,yahoze ari umushikiranganji w’ubutungane ,ari mu mazi abiri inyuma yo gufatwana umwana w’umwigeme w’imyaka 15 mw’ihoteri

Share this news

Kumyaka irenga 60 y’amavuko ,Didace Kiganahe yahora ari umwe mubaserukira abanyagihugu mu mwaka wa 2000 gushika muri 2005 akongera akaba icegera c’ambere c’umukuru w’inama nshingamateka mu ntwaro mfata kibanza ,akongera akaba n’umushkiranganji w’ubtungane ,ubu ari mumazi abira ,inyuma yo kwagirizwa gukoresha umwana w’umwigeme w’imyaka 15 ubusambanyi igihe kingana n’ukwezi.

Aka kambaro kibara rero kakaba kabereye mu gice ca Kajaga ,mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura aho uyu mugabo yarasanzwe amaranye imisi ishika hafi ukwezi uyu mwana w’umwigeme atarenza imyaka 15.

Amakuru ikinyamakuru cacu carose yemeza ko uyu mwana w’umwigeme yaramaze igihe kingana hafi n’ukwezi muriyo nzu y’uburaro iri mu kajaga ndetse n’abavyeyi biwe bakaba batari bazi iyo umwana wabo ari.

Abavyeyi buwo mwigeme bakaba baje kuronka inkuru kuwo mwana wabo munzu y’uburaro iri mu kajaga ariko guca bitura igipolisi ariko igipolisi kikaba kitashoboye gufata Didace Kiganahe kuko bahashitse yamaze guhunga.

Kiganahe Didace  kw'ifoto

Kiganahe Didace kw’ifoto

Igipolisi camenyesheje ko kitashoboye gufata uyu mugabo ariko cemeza ko kikimuhigisha mu gisagara ca Bujumbura kugira ajanwe imbere y’ubutungane.

Tubibutse ko Didace Kiganahe ubu yahora ari mu murwi udasanzwe ugizwe naba commissaire 7 bajejwe umurwi w’ukuri no kurekuriranira (CVR).

Fyonda ngaha ubandanye uronka amkuru yacu bitakugoye kuri facebook
.