Donald Trump yarahiye ararengwa kwatorota atora amahera yumushahara ,ariko yanka kuva kumugambi wiwe wo gutuza abakorora inda nabaryamana bahuje ibitsina

Share this news

Donald Trump ,aheruka gutorwa muri Reta Zunze ubumwe za Amerika kugira abe umukuru wico gihugu agira uwa 45 kuva cabaho,yarahiye ararengwa kwatarota atora ni doral 1 gusa mu mushahara ungana ibihumbi $400.000 vy’amanyamerika(Aya akaba angana na 800 millions mumahera y’amarundi) uba wagenewe umukuru w’igihugu ca Reta Zunze ubumwe za Amerika mu kiringo c’umwaka wose.

Gusa naho Donald Trump yanse uyu mushahara wagenewe umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika ,abanyagihugu benshi bakamushimagiza kurundi ruhande abandi bababajwe cane ningingo aguma ashimangira yo guhana yivuye inyuma abasanzwe bakorora inda hamwe nabaryamana bahuje ibitsina.

Ibi Donald Trump yabitangaje kuruyu wa mungu kw’igenekerezo rya 13 munyonyo 2016 ,abicishije kukiganiro citwa 60min gica ku mboneshakure yo muri reta zunze ubumwe za Amerika izwi nka CBS.

Abazwa impamvu nyamukuru arwanya abakorora inda ,Bwana Donald Trump yagize ati “Ndi uwutemera na gato igikorwa co gukorora inda ,kandi niteguye gushiraho sentare izoba igwanya ico gikorwa ndetse nabazoyikoramwo nabo bazoba bari mu murwi wabaterekwa ico gikorwa kigayitse,uwuzoba ashaka kuyikorara azofata indege aje ahandi mukindi gihugu ariko atari kubutaka bwa Amerika , izoba itwarwa na Donald Trump”.

Donald Trump na Mike Pence abagiye kuramutswa Reta zunze ubumwe za Amerika kuva muri Nzero 2017

Donald Trump na Mike Pence abagiye kuramutswa Reta zunze ubumwe za Amerika kuva muri Nzero 2017

Donald Trump akaba yanamenyesheje kandi kwashigikiye cane umugambi wuwuzoba icegera ciwe bwana Mike Pence ,uwo nawe akaba ari umugambi wo gutuza abasanzwe baryamana basangiye ibitsina>>>>>

Abaryamana bahuje ibitsina bagiye guhigwa buhongo muri Amerika,Mike pence azoba icegera ca Trump ngo ntaberekwa na gato

Naho aba bagabo baje bafise iyo migambi ,ibintu bisa naho bitazoborohera kuko babandanya biyamirizwa nabo batavuga rumwe .

Donald Trump rero hamwe na Mike Pence bakaba bazotangura amabanga yo kurongora Reta zunze ubumwe zaAmerika mu ntango z’ukwezi kwa Nzero 2017.

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu kuri Facebook