Egypte,umwana w’imyaka 12 yategetswe gukora ubugeni na muvyarawe w’imyaka 11 kugira baronse umuryango wose umugisha

Share this news

Mu gihugu ca Egypte ,gisanzwe gifatwa nk’igihugu cakarorero muri Africa ,uhereye kw’iterambere n’inibereho y’abanyagihugu ndetse na kahise kadasanzwe ,habonetse umuryango utegeka abana basanzwe bava mumuryango umwe bakiri bato cane gukora ubugeni vyihuta kugira Imana ibashe kuguma ihezagira umuryango wabo .

Omar w’imyaka 12 gusa yamavuko niwe yategetswe kwubaka urwiwe na muvyarawe Gharam nawe akiri muto cane kuko afise imyaka 11 gusa yamavuko.

Gharam  na Omar kw'ifoto

Gharam na Omar kw’ifoto

Naho abavyeyi baba bana bose bahurizako ko bategerezwa gukorera ubugeni aba bana babo kugira umuryango wabo uronke imigisha ,amategeko asa nayamaze gutangura kubabangamira kuko murico gihugu bisanzwe bibujijwe gukora ubugeni mugihe utarakwiza imyaka 18 yamavuko.

Kubw’umuvyeyi wewe wuyu mwana asanga iki gikorwa gitegerezwa gukorwa kandi atanakimwe yiyotsa kuko ikigira gikorwe arico yategetswe n’ibisekuru kandi katarota akwegera umuvumo umuryango wiwe ngo yankire abana gukora ivyabasokuru babasavye.

14642096_1257423040967783_1427887992897931774_n

.