Gael Bigirimana yongeje amasezerano yiwe mu murwi yatijwemwo wa coventry

Share this news

Gael Bigirimana umwe mubakinyi bo hagati bo mw’ikipe ya NewCastle United yongeje amasezerano yiwe yo kubandanyanya ikinira umurwi yatijwemwo wa Converty city .

Gael Bigirimana yarasanzwe afise amasezerano n’iyi kipe ya Converty City yo kugera itariki 23 nzero 2016 ariko kw’itariki 14 nzero akaba yarashoboye kwongeza ikiringo cayo masezerano aho yashoboye kwongeza ayo masezerano gushika mu kwezi kwa ruheshi itariki 30 umwaka wa 2016.

Tony Mowbray,Umumenyereza wa Converty City akaba yamenyesheje ko bashimishwa cane n’imikinire ya Gael Bigirimana kuva agishika muruwo murwi wa Converty City ariyo mpamvu bahisemwo kwongeza amasezerano bari basanzwe bafitanye nuyu mukinyi.
2

Ubu rero Gael Bigirimana akaba agiye kumara uyu mwaka wose w’inkino mu murwi wa Converty City.

Tubibutse ko Gael Bigirimana asanzwe arumwe mubakinyi basanzwe bakinira hakurya yamazi bemeye kuza gukinira igihugu cabo c’amavuko ,akaba amaze no gukinira urukino umurwi w’intamba murugamba.

Yanditswe na:B2day