Général de brigade Athanase kararuza yarumuntu nyabaki?yamaze iki?

Share this news

Général de brigade Athanase kararuza yavukiye muri commune mugongomanga mu ntara ya Bujumbura kwigenekerezo rya 26 ruhuhuma 1960. Amashuri matoya yayize kwishuri ritoya ry’ijenda.igice cambere cama shuri yisumbuye yacize kuri petit séminaire ya kanyosha ,igice cakabiri c’amashuri yisumbuye yacize kuri petit séminaire y’i mugera arinaho yaronkeye urupapuro rw’umutsindo rwita diplôme des humanités général mu 1981.

Munyuma yaciye yinjira muri kaminuza yigisirikare ryitwa ISCAM aho yarihejeje mu mwaka wa 1986 bivuze imyaka ine hamwe numwaka wivyo yasubiyemwo.

Afise urupapuro rw’umutsindo rwo kwishuri ryitwa école de guerre et du National défense collège iri i Beijing mubu chinois. Yaratwaye inzego nkazose zomugisirikare zo gutanga amategeko.yarabaye umuyobozi wi peloton, yaratwaye bataillon, yarabaye umuyobozi wa région militaire gushika mu 2013 aho yaciye aba umuyobozi wa Etat majoror interarmes.
Yarakurikiranye kandi inyigisho zabarongozi mubijanye nubuhinga bwogucunga umutekano kuri centre d’étude stratégique de Washington muri Amerika mu 2008 hamwe no mumwaka wa 2013.Général de brigade Athanase kararuza yari umuvyeyi w’abana 4 harimwo umuhungu umwe. Ntiyanywa itabi kandi ntiyanwa n’inzoga. Yakunda gusoma ibimenyeshs makuru n’imihora ngurukana bumenyi y’amakuru agakunda kandi n’ikarashishi.yari mw’idini rya katorika yahoze yiga mwi seminari ndetse yakunda no kuja gusenga buri musi w’Imana.
Général de brigade Athanase kararuza yabaye mubuzima bugoye nikindi gihe mubuzima bunezereje hamwe nabo bakorana.
Général de brigade Athanase kararuza yari mubantu bajejwe igikogwa cikuvugana ukuri no kurekuriranira .

yanditswe na:bujatoday