Ibintu indwi abakobwa bakundira abahungu,ica 4 coco ngo bagikunda nka bose

Share this news

Urukundo rw’ubu rusa n’urwamaze gutituka ugereranije n’urukundo rwaho hambere haheze ,uyu musi rero kugira umwigeme yumve yagukunze kuburyo yumva atawundi yokurushisha hari ibintu indwi utegerezwa kuba ukwije mubuzima bwawe canke ugakwizamwo nimuburiburi 5 murivyo indwi tugira tukubwire ngaha hasi.

1.ABAKOBWA BAKUNDA ABASORE BAFISE “ICIZERERE” MURIBO (Confidence)
Abakobwa canke abagore bakunda abasore bazi kubaganiriza,vyereka umukobwa ko ushobora kozoza umuganiriza igihe
cose mukaba muziko abakobwa bakunda inkuru cane iyo bariko baragirwa nabasore.
2. ABAKOBWA BAKUNDA KENSHI ABASORE BAFISE ” UBWENGE”
abakobwa barakunda cane abasore bafise aubwenge kubera baba babona ko bashobora kuzobafasha muri kazoza
kubibazo baba bafise.
3. ABAKOBWA BAKUNDA ABASORE “BABAFASHA” (Soutien)
Abakobwa canke abagore bakunda abasore canke abagabo babafasha nacane cane mubijanye nubutunzi, kuvyankenerwa
vyaburi musi haba kubijanye namafaranga canke ibindi.
4. ABAKOBWA BAKUNDA ABASORE BAFISE “IMIGAMBI YO GUSHINGA URUGO”
Abakobwa burya baba bashaka umusore afise imigambi yokuzoshinga urugo kuko buri mukobwa aba ashaka kubaka
urwiwe nkabandi,kenshi iyo yumvise atamigambi yo gushinga urugo umusore afise ntaba akigukurikira.
5. ABAKOBWA BAKUNDA ABASORE BAFISE “AMAFARANGA”
Abakobwa benshi bakunda abasore bafise amafaranga kubera baba babona ko ico bashatse bashobora kukironka
bigatuma abakobwa benshi birukira abasore bafise ubushobozi mubijanyi namafaranga naho atoba amukunda vyukuri.
6. ABAKOBWA BAKUNDA ABASORE “BAZI GUFATA INGINGO”
Abakobwa barakunda abasore bazi gufata ingingo (decision) kubera abakobwa benshi baba bashaka abasore bafata
ingingo muvyo bakora vyose abakobwa rero bakaba bashimishwa cane nabasore nkabo.
7. ABAKOBWA BAKUNDA ABASORE “BATABESHA”
Abakobwa barahimbarwa cane basore batababesha haba murukundo barimwo canke mubiganiro bagirana
baba bumva ko barikumwe numusore babubaha kandi babagirira ukwizera kwinshi cane.

Leave a Reply

Your email address will not be published.