Ikena ry’igitoro mu Ntara ya Rumonge ryatumye ibiciro vyo kwiyunguruza biduga

Share this news

Mugihe kuva kuruyu wa gatandatu igitoro cabaye nk’umuzi w’ibuye mu Ntara ya Rumonge ,abasanzwe biyunguruza bakoresheje ibinyabiziga bari mu mu ngorane kubera idunzwa ry’ibiciro vyaciye biduzwa mu kwiyunguruza uja hagati mu gihugu.
Iri kena ry’igitoro ryatanguye kumusi wa gatandatu ,igenekerezo rya 30 ndamukiza 2016 ,aho ahasanzwe habarizwa igitoro hose cari cabuze na cane cane igitoro co mu bwoko bwa bwa essence.
Abasanzwe bakoresha igitoro bemeza ko iri kena ry’igitoro riri kuma Station yose uko ari indwi ari mugisagara ca Rumonge ndetse ko n’iyindi isanzwe iri mu Karonda naho nyene atanima wohasanga.

Iri kena ry’igitoro rero ntiriri mu Ntara ya Rumonge gusa kuko nabacuruza ico gitoro mu Ntara ya Bururi nabo bemeza ko bafise ikibazo c’ikena ry’igitoro ndetse ko ni Matana bahora bagituma nticaharangwa kuruyu wa mbere nkuko amakuru ava muntara abivuga.

Iri kena ry’igitoro rero ryatumye bamwe mu bunguruza abantu batangura kuduza amafaranga yo kw’iyunguruza kubera ko bavuga ko nabo baronka igitoro kumahera y’umurengera.
Abasanzwe rero bunguruza abantu bakaba baciye batangura kuduza amafaranga yo kwiyunguruza kuva kuma jana atanu(500Fbu)gushika kugihumbi(1000Fbu)k’umuntu kuberako i litiro(l) ya essence bayigura kuri magendu hagati yamahera 2500 Fbu na 3000 FBU.

Yanditswe na:@bujatoday.com