Ikinogo rusangi cahabwemwo abantu benshi cubuwe ku Mutakura

Share this news

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura arikumwe n’inzego zigipolisi berekanye ibisigarira vyabantu batatu (3)vyakuwe mukinogo rusangi bivugwa ko cabonetse mugice c’imwe muri Quartier yiyamirije ikiringo cagatatu c’umukuru w’igihugu.
Ico kinogo catowe kw’ibararabara ry’icenda muri quartier ya Mutakura muri zone ya Cibitoke mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Nkuko vyashikirijwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura,bwana Freddy Mbonimpa yamenyesheje ko iki kinogo cashitsweko kubera bamwe mubahora badurumbanya umutekano bishikanye,bagaca baha amakuru abapolisi yico kinogo.

Kubw’umukuru w’igisagara ca Bujumbura,umushingantahe Freddy Mbonimpa yegeka ubwo bwicanyi ku biyamirije ikiringo cagatatu ca Petero Nkurunziza ,kuko imisore iheruka kwishikana kugipolisi Ikaniyemerera kwinahungabanya Umutekano Ariyo Yerekanye Ahari Ico Kinogo rusangi.

Abapolisi bakaba baciye bata muri yompi abantu 2 bikekwako kuba inyuma yubwo bugizi bwa nabi, umwe akaba yafatiwe muri zone ya kinama ,mugiheuwundi yafatiwe murico gice nyene ca Mutakura.

Ivyo Binogo Bitanguye Kuboneka Mu Gihe Abahinga Mu Vy’agateka Ka Zina Muntu Ba ONU Bazoshika Uyu Wakabiri Kugira Amatohoza Ku Mabi Yakozwe Kuva Hatanguye Imyiyerekano.

Iki kinogo kikaba kibaye icambere cimbwe kigakurwamwo abantu ,inyuma yaho ishirahamwe rijejwe agateka kazina muntu Amnesty International rimenyeshereje ko hari ibinogo rusangi mu micungararo yigisagara ca Bujumbura hamwe no mu Ntara ya Bubanza mugice ca Gihanga.