Indirimbo za kidum zigiye gutangura kugurishwa online

Share this news

Indirimbo za kidum zigiye gutangura kugurishwa online

Mugihe kidum yaramaze igihe kirekire ari muri tour USA 2015 ubu yamaze kugaruka kumugabane wa AFRICA aho anavuga kwaje azanye ibintu bishasha vyinshi ,aho yanavuze kwaje azaniye impamba aba fans biwe iyo nayo akaba atari iyindi ari album yiwe nshasha izoba yitwa “”HaliNaMali”

Ubu rero Kidum yamaze gutangaza ko indirimbo ziwe atari kuzironkera ubusa nkuko vyari bisanzwe bimeze kuko ngo ubu bigiye guhinduka kuko indirimbo ziwe zigiye kuza ziragurishwa online.

KIDUM ati”ubu harageze ko munyereka support yanyu narabahaye indirimbo kuri free(atakiguzi) ubu nanje nimunshigikire mukuzigura kuko ngiye gutangura kuzigurisha online”

Kidum  rero akaba agiye gushira ahabona album yiwe nshasha ngo hakaba harimwo nindirimbo yakoreye murugwo rugendo yarimwo mumahanga

Leave a Reply

Your email address will not be published.