Inyuma yo gutsinda abo batavuga rumwe museveni, yabatekereye amajambo benshi bafashe nk’ibitutsi bikomeye.

Share this news

Inyuma yogushikirizwa kumugaragaro kwariwe yasubiriye gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu ca Uganda kugira abandanye arongora igihugu ca Uganda ,Bwana Yoweri Kaguta Museveni yatekereye abo batavuga rumwe amajambo adasanzwe.
Abicishije kurubuga rw’iwe ngurukana bumenyi rwa Tittwer ,bwana Yoweri Kaguta Museveni yashikirije amajambo adasanzwe aho yagize ati:mwese twariko turahiganwa mu matora mugatsindwa ,mwibuke ko umwana ashobora gukina n’amabere ya nyina wiwe ariko ikizira kikongera kikaba igiti kiturirwa nugushaka gukinisha amagara ya se wiwe Imana ihezagire Uganda”
1
Tubibutse ko Yuweri Kaguta Museveni ariwe yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu ca Uganda kumajwi agera kuri 60.57 mugihe mugenziwe Kiza Besigye bahiganwa benshi banaha amahigwe yo gutahukana ayo matora yarose amajwi 31.6% gusa.

Yoweri Kaguta Museveni akaba atowe mugihe yaramaze imyaka igera kuri 30 ariwe aramutswa ico gihugu ,ariko naho yatowe abatavuga rumwe nawe bakaba batanaguye kumwagiriza kwiba ayo matora akoresheje abasirikare n’abapolisi.