IRAN :umugabo yamanitswe azira kwari umu christo:raba amafoto

Share this news

Inkuru ibandanya ivugwa kw’isi yose n’iyu Umugabo akomoka muguhugu ca IRAN gisanzwe kiri muri continent ya ASIA ,kiri mubihugu bibarizwamwo abantu benshi bo mwidini rya Islam ,yamanitswe imbere y’isinzi y’abantu azira kuvuga ubutumwa no gukurikira YESU Christo nk’umukiza wiwe .

Nkuko vyatangajwe na kimwe mu binyamakuru vyo muri reta zunze ubumwe bwa Amerika “thelastestnews”camenyesheje ko uyu mugabo yamanitswe inyuma yo kumusaba no kumuhitishamwo kuguma munzira yafashe yo gukurikira YESU hamwe no guheba kwigisha ubutumwa bwiza bwa YESU canke agahitamwo gusezera isi bakamumanika imbere y’isinzi yabantu kugira abere icigwa abandi.

Uyu mugabo yamanitswe  ubona ataco bimubwiye nagito

Uyu mugabo yamanitswe ubona ataco bimubwiye nagito


Uyu mugabo yase ivyo bamusaba vyose ,ndetse abakurira inkoni kugishitso kwatarota nagato areka gukurikira YESU canke ngwareke kumuvugira ari nako guca bahitamwo kumumanika baramwica.
Icitangaje abantu benshi ngo n’umunezero n’isura yuyu mugabo yerekanye igihe yaragiye kumanikwa kuko ngo benshi babona umengo ntaco bimubwiye .
Imana imwakire mubwami bwayo

Iki gihugu ca Iran kikaba ari kimwe mu bihugu bisanzwe bigira kumategeko akaze ya Islam ndetse ubutegetsi bwaho bukaba butarakuraho igihano c’urupfu ,ibi bikaba bituma abantu benshi bakunda kumanikwa iyo bakoze amakosa yo kutihanganigwa aho kesnhi nkabagore baba bafashwe basambana batarakwiza imyaka canke ababa bafashwe biba (abasuma )bacibwa amaboko canke bakamanikwa imbere y’abantu kugira n’abandi ntibazosubire gutinyuka kubikora.

 
Fyonda ngaha kugira ubandanye udukurikira uzoze uraba mu bambere baronka amakuru yacu kuri Facebook
Yanditswe na:@Bujatoday.com

7 thoughts on “IRAN :umugabo yamanitswe azira kwari umu christo:raba amafoto

  1. Ibihugu birwiriyemwo aba christo bikwiye kwerekana aho bihagaze mukwiyamiriza izo ntakebwa mumitima no mumatwi

Comments are closed.