Jean Minani yakuweko ivyumurwi wa Forces révolutionnaire bishigwa kugatwe ka Jeremie Minani ,umuvugizi wa CNARED

Share this news

Amakuru ava mubajejwe umutekano mugihugu kibanyi ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya CONGO yemeza ko abarundi bashika kuri 43 bafatiwe mubuseruko bw’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo .

Inyuma yo gufata aba barundi bagera kuri 43 ,inzego zumutekano za RDC zatangaje ko mubafashwe harimwo uwusanzwe azwi nka Emmanuel Manariyo nawe yafatiwe murabo 43.
Emmanuel Manariyo yamenyesheje ko ari mubatwara umurwi wabarwanyi uzwi nka Forces révolutionnaires vyavuzwe ko usanzwe ukorera imyimenyerezo ya gisirikare mw’ishamba rya Kibira.

Emmanuel Manariyo yahakanye amakuru avuga ko umurwi wabo usanzwe ukorana na Muganga Yohani minani nkuko umwe mubaheruka gufatwa yaviganye ahubwo avuga ko uwo bakorana ari YEREMIYA MINANI ,umuvugizi w’urunani CNARED.

Emmanuel Manariyo abazwa n’igipolisi ca RDC yagize ati”NTAMIGENDERANIRE MFITANYE NA JEAN MINANI,NASHINZE UMUHARI WA POLITIKE NDIKUMWE NA JEREMIE MINANI IMBERE YO KWINJIRA MU VYIKIROBERI ,MUBO DUKORANA HARIMWO DANIEL MINANI ARIKO JEAN MINANI NTIDUKORANA NTANAGATO”

Abandi murabo bafashwe bakaba bemanze ko bakuwe mw’ikambi y’impunzi yo mu RWANDA ndetse banaronswa inyogisho za gisirikare bongera banahabwa n’amakarata y’itora y’igihugu ca CONGO kugira binjire muri CONGO ata nkomanzi ariko ngo bakaba batari bazi iyuwo murwi wabo wabarwanyi ushaka kuja kurwana.

AHAKUWE IYI NKURU:http://www.rfi.fr/afrique/20160113-rdc-congo-burundais-rpa-egide-mwemero-justice-militaire

………………………………………………………………………………………………….