Kagame yahaye gasopo abahora baririmba ngo bazomumesa :Amajwi

Share this news

Mu mpanuro Umukuru w’Igihugu c’uRwanda Paul Kagame yahaye urwaaruka rushika kuru 2090 rwari rrwahuriye hamwe mu nyubakwa nshasha ya Kigali Convention Center ,umukuru w’igihugu c’uRwanda yongeye kugaruka kuri bimwe bimwe mubikunzwe kuvugwa m’ubinyamakuru aho rumwe murwaruka rw’umgabwe uru kubutegetsi mu Burundi rukunzwe kuvugwa ko rukunda gushira mu ndirimbo zabo umukuru w’igihugu c’uRwanda aho baba bariko baravuga ko bazomumesa.

Paul Kagame yagize ati “Kurwana urugamba ntanumwe vyari bikwiye gutera ubwoba nagato, umuntu arwanira ikintu ciwe yumva kimufitiye agaciro, umuntu arakirwanira. Nk’ibi muja mwumva abantu bashobora gusambura ivyo abantu bubaka, nk’iyi nyubako ukumva ko woza ukayishira hasi, oya nakwica imbere y’uko ubigeraho.”

Paul Kagame yabandanije agira ati” je nta gitutsi kibi wontuka ngo kimbabaze, kuntuka? Ndakwihorera nkikorera ivyanje, ivyanjye bindaba biri ngaha mu Rwanda ariko ushatse kunkurikirana iwanje, niho novugav, kuri ico nta nzira zibiriri zihari. Naho abaza ku mipaka bagatukanaaaa.. numvise amajambo ngo bazotumesa ……ariko nabo barabizi, bagomba kuba babizi ubwo ni wa murongo uba utararengwa.”

Umviriza amajwi ya Pauk Kagame Umukuru w’igihugu c’uRwanda ngaho musi

Yanditswe na:Bujatoday.com