Masterland yakoze Video yerekanamwo ibibanza biri mu Burundi benshi batashoboye kumenya.Raba Video

Share this news

Umuririmvyi Masterland akongera akaba n’umuhinyanyuzi yakoze amasanamu y’indirimbo yiwe nshasha yitwa “ALIMA”bituma benshi mu bakunzi b’umuziki babona ko naho uwo muririmvyi akiri muto ,adasanzwe ndetse kwafise ingabire y’umuziki haba muvyo kuba umuhinyanyuzi hamwe no gutegura amasanu meza y’indirimbo ziwe.

Mu masusho y’iyi ndirimbo nshasha ya Masterland ,habonetsemwo ibibanza atari bike abantu benshi batashoboye kumenya aho bitumbereye neza ndetse benshi baka bagumye bamubaza ahantu yoba yarafatiye aya masanamu y’iyi ndirimbo yiwe iriko irakundwa cane ariyo “ALIMA”

Naho benshi batashotse bamenya neza ikibanza umuririmvyi akongera akaba n’umuhinyanyuzi Masterland yakoreyemwo ayo masanamu ,ntibabuze gutera intege ndetse bongera bashimira uwo muririmvyi kubona yaragerageje kwerekana neza ishusho nziza y’uBurundi.

Raba musi amasanamu y’Indirimbo “ALIMA ya Masterland

.