Mkombozi mugahinda n’umubabaro mwinshi kubera kubura umuvyeyi wiwe

Share this news

Nzeyimana Thomas benshi bazi kw’izina ry’umuziki nka Mkombozi ,ari mugahinda kadasanzwe inyuma yo kubura umuvyeyi wiwe amuvyara.

Nkuko vyatangajwe na Nzeyimana Thomas (Mkombozi)uyu yitavye Imana ni SAYUMWE HAMU se wiwe amuvyara akaba yarasanzwe aba mu bumanuko bw’igihugu c’uBurundi ahasanzwe hazwi nka Nyanza Lac mu Ntara ya Makamba .

Mumajambo Nzeyimana Thomas (Mkombozi) yashikirije yerekanye cane akababaro yatewe nukubura umuvyeyi wiwe ndetse aca agirako asaba abazoba bari hafi kubafata mu mugongo murivyo bihe vyumubabaro.

Mu majambo yagahinda Nzeyimana Mkombozi yashize kurukuta rwiwe rwa Facebook acumva iyo nkuru yakababaro yagize ati”
R.I.P My Lovely Daddy😭😭😭
Ndabatumiye mwese samedi le 17/12/2016,Imakamba nyanza lac centre iwacu kwa SAYUMWE THOMAS.Mukuganduka kumuvyeyi wanje nabuze nkimukeneye cane🙏🏿🙏🏿🙏🏿, Papa SAYUMWE HAMU alias KAMBÉ 😭😭😭
Abazobishobora ndabasabe muhambere.NTAVYINSHI NOVUGA KUKO NOSANGA NCUMUYE😡.
Muhezagwe mwese🙏🏿🙏🏿🙏🏿.

Uvuye ibubafu n’umuvyeyi wa Mkombozi akiri muto kw’ifoto mu buryo naho na Nzeyimana Mkombozi

Nayo iyi nkuru ari incamugongo kuri Nzeyimana Mkombozi hamwe nabakunzi bumuziki n’ibikorwa vyiwe birahobora gushika ,Nzeyimana Mkombozi ntashike kumaziko y’umuvyeyi wiwe amuvyara kuko amaze igihe adahonyora mu Burundi ,kubera ibibazo yagiranye n’ubutegetsi bivanye n’indirimbo zimwe zimwe yagiye araririmba mu mwaka wa 2015.

Amaziko yuyu muvyeyi wa Nzeyimana Mkombozi akaba atgekanije igenekerezo rya 17 kigarama ngaho nyene muri Nyanza Lac ,mu Ntara ya Makamba.

.