Mu marushanwa ya IAAF World Indoor Championships ,Francine Niyonsaba yatahukanye umudari w’inzahabu

Share this news

Mu mahiganwa ya IAAF WORLD INDOOR CHAMPIONSHIP ariko arahuza abanonotsi batandukanye mu ntumbero yo kwitegurira inkino za Jeux Olympiques zizobera mu gihugu ca Bresil mu kwezi kumunani , Francine Niyonsaba asanzwe afatwa nkumunonotsikazi adasanzwe mu Burundi yongeye kuduza ibendera ry’igihugu ashobora gutahukana umudari w’inzahabu mu gice cabakobwa mu kwiruka imetero amajana umunani.

Ibi yabishitseko akoresheje umwanya mwiza cane wa2’00”01 ,Francine Niyonsaba akaba yashoboye kwenurira ibihangange nka Ajee Wilson asanzwe aserukira reta zunze ubumwe bwa Amerika ndetse na Margaret Wambui umunyakenyakazi yakoresheje umwanya ungana na (2’00”44).

Francine Niyonsaba kw'ifoto

Francine Niyonsaba kw’ifoto

Raba muri Video ingene Francine yavyifashemwo

Yanditswe na:@Bujatoday.com