Mumafoto igihugu ca Africa yepfo cahimbaje umusi mukuru w’ubwigenge

Share this news

Bari mu ntara ya Limpopa mu gisagara ca Giyani,abanyagihugu isinzi barikumwe n’umukuru w’igihugu cabo Jacob Zuma bahimbaje umusi mukuru w’ubwigenge (‎FreedomDay)igihugu ca Africa yepfo kimaze igihe kironse.

Jacob Zuma umukuru w'igihugu ca Africa yepfo

Jacob Zuma umukuru w’igihugu ca Africa yepfo

Africa Yepfo ikaba isanzwe ihimbaza umusi mukuru w’ubwigenge uko umwaka uheze igenekerezo rya 27 ndamukiza ,bakaba basanzwe bakurikiza iryo genekerezo kuko mu mwaka wa 1994 igenekerezo rya 27 ndamukiza ariho bashobora kuronka ubwigenge bwo kwitorera ibdongozi zabo kuncuro yambere ari navyo vyahejeje intwaro yarifatiye kurukoba bita apartheid

Ingabo za Afric yapfo

Ingabo za Afric yapfo

Iyi rero ikaba igize incuro ya 22 igihugu ca Africa Yepfo gihimbaje uyu musi ndetse benshi bakaba biteze ijambo ridasanzwe ry’umukuru w’igihugu ca Africa Yepfo bwana Jacob Zuma.

Yanditswe na:@bujatoday.com