Naho benshi batariko barabitahura ,Donald Trump niwe aguma aza imbere cane mu matora yo muri Amerika .

Share this news

Mu gihe muri Reta zunze ubumwe za Amerika habandanya haba amatora y’umukuru w’igihugu ,Donald Trump va mu mugambwe waba Republic asa nuwamaze gutsinda aya matora kuko biboneka neza kwarusha mugenziwe bariko barahiganwa ava mu mugabwe waba Democrate ariwe Hillary Clinton.

Mubiharuro bimaze kwegeranwa no gushigwa ahabona ,mu ntara zigize 50 za Reta zunze ubumwe za Amerika ,hamaze kuja ahabona ibiharuro vy’intara 42 ivyo navyo bikaba vyerekana neza ko Donald Trump ariwe aza imbere ya Hillary Clinton kandi anamurusha cane.

3

Aha bikaba vyibonekeza neza ko Donald Trump ariwe aza imbere n’amajwi 254 mugihe mukeba wiwe Hillary Clinton afise amajwi 215 gusa.

Tubibtse ko kugira utsinde aya matora yo muri reta zunze ubumwe za Amerika bisaba kuba wakwije amajwi ashika 270 ,ibi navyo Donald Trump akaba aguma avyegereza uo umwanya ugenda witerera imbere.