Ntitwohemukira abanyagihugu batwizeye bakadutora ngo tubaserukire:Rwasa Agathon

Share this news

Umushingamateka Rwasa Agathon ,asanzwe ari mubaserukira abanyagihugu bo muntara ya ngozi  ,inyuma yaho yinjiriye munama nshingamateka ,agatonda kumusi wayo wambere yagize ico ashikirije kuko benshi bariko bamwagiriza yuko yoba yahemutse akongera  akanivuguruza cane mumajambo yagiye arashikiriza ,aho yaramaze imisi ashikiriza  y yuko atorota yinjira mu reta izoba yavuye mumatora  wewe yitwa kwari inkinamico nkuko yagiye arabitanganza.

Rwasa Agathon yagize ati“Ntitwohemukira abarundi isinzi badutoye  ,bakemera bakizera urunani amizero yabarundi,kandi hamwe tutoja muribi bibanza hariho abagavye boca babijamwo “

Rwasa agathon akaba ariyo majambo yashikirije kumusi wejo kumuhingamo,ariko naho yashoboye kwitaba ibikorwa vyinama nshinga mateka kumusi wayo wambere ,yagiye ajanye nabayoboke biwe gusa kuko abasanzwe bari kumwe bo kwa KARORI  Nditije batashoboye kuboneka mubibanza vyabo munama nshingamateka.

Tubibutse ko Rwasa Agathon yaranzwe nimvugo nyishi inyuma yamatora aho yemeza yuko adashobora kwemera ivyavuye mumatora .

Tunabibutse yuko uwo yahoze atwara umugabwe fnl yari yashoboye kuba uwakabiri mumatora yo mumwaka wa 2010 ariko bakaza kuva mumatora bavuga ko boba bibwe amajwi ,aho ibibanza yari yarose vyaciye bitwarwa niyindi migabwe ndetse kuva ico gihe akaba yaciye ahunga nigihugu numugabwe wiwe uca uhabwa umushingantahe Jacques Bigirimana

One thought on “Ntitwohemukira abanyagihugu batwizeye bakadutora ngo tubaserukire:Rwasa Agathon

  1. Ni danger kuko bamwe bavyemera abandi ntibavyemere reke turindire kubwanje mbona yafashe ingingo nziza mugihe atazoba mugabo niryo

Leave a Reply

Your email address will not be published.