Rwasa Agathon ngo ikiringo congewe kumatora yabajenama bama commune hamwe nabashingamateka ngo abona kidakwiye

Share this news

Uwusanzwe azwi nkumunya politike akomeye cane ngaha mugihugu cacu c’uburundi uwo nawe suwundi ni Agaton RWASA yavuze ko ikiringo congewe kugira amatora yabajenama bama commune abe canke yabasingamateka abe ko ari gito cane ,ko kitanakwiye .

Nkuko tubikesha iradio BBC gahuza miryango bwana rwasa agathon yavugiye kuri BBC avuga ati “umwanya batanze ni muto cane gose ,akavuga ko bidashoboka ko boba batoye umuti wibibazo vyose vyinkora mutima uburundi busanzwe bufise ,aho akaba yavuze yuko murico kiringo cindwi imwe gusa   batoba batoye inyishu yibibazo abarundi basanzwe bafise aho naho yavuze nkamaradiyo aherukwa guturirwa,akaba yavuze abarundi basanzwe barahungiye mumakungu,ikibazo cabariko barakora imyiyerekano mugisagara ca bujumbura ,hamwe nikibazo c’umutekano

Rwasa agathon akaba azitoza kukibanza c’umukuru w’igihugu mukwezi kw’indwi aho azoserukira umugabwe wigenga amizero yabarundi 

Rwasa Agathon wewe kaba yabandanije avuga yuko ikibazo camatora gisa naho kidashoboka ,mugihe uwuzoserukira umugabwe usanzwe uri kubutegetsi CNDD FDD atarasokora

Rwasa Agathon akaba yaguze yuko wewe abona amatora yose yoba mukwezi kw’indwi hanyuma ukwezi kumunani kukaza kugera hamaze kujaho umukuru w’igihugu mushasha

4 thoughts on “Rwasa Agathon ngo ikiringo congewe kumatora yabajenama bama commune hamwe nabashingamateka ngo abona kidakwiye

  1. Yavuze ukuri mutama Kandi nibatwubahirize kuvyo tubasaba muntumbero yo kwubaka uburundi bushasha

  2. Mu kwezi kw’indwi, ivyo bibazo biraje ishinga abarundi bizoba vyatorewe umuti? Oya, Rwasa arihenda cane, n’imibuririburi umwaka wose niwo ukwiye kugira imbonerakure zakwe inkoho, ayandikwa ryabatora risubigwemwo bataronke na za cartes d’identité biométrique, haje umugwi mushasha wa CENI, abahunze batahuke, n’ibindi n’ibindi

Leave a Reply

Your email address will not be published.