Sat b yiyerekanye atera amahera agapira ,bituma benshi bamugaya:raba video

Share this news

Abdul benshi batazira Sat B canke Sat-B Satlight KING yiyerekanye atera agapira amahera benshi mubakunzi biwe na cane cane abamukurikira kuri facebook batangura kubimugayira ndetse bamwe batangura kwibaza ko yoba anwa ibiyovyabwenge vyinshi.

Nkuko biboneka mu masanu yasize k’urukuta rw’iwe rwa Facebook ,uyu muririmvyi yabonetse atera agapira amafaranga atari make ndetse ayo mahera akaba yari muduce tugiye dutandukanye.

Akimara gushirako aya masanamu amwerekana ariko arakina agapira amafaranga Sat B yaherekeje aya masanamu n’amajambo agira ati:Ndayatera nk’agapira kubera ko ndayakorera….
No Concert but we make Money $$$$$$
Make Rwanje……Money Come Money Go !!!! Harya ngo Amafaranga Ni satani ?? Rero ntubabare ndayateye igere nkuko…..dont jugge !!!!!

Raba Video y’ingene Sat B yariko aratera amahera agapira

Tubibutse ko mimigenzo yikirundi kizira kikaziririzwa gutera amafaranga agapira ndetse umuririmvyi sab B akaba abaye uwambere abikoze.