Umukuru w’igihugu wa Gambia,Yahya Jammeh yisubiyeko yanka amatora inyuma y’imisi 8 yemeye ko yatsinzwe

Share this news

Yahya Jammeh ,umukuru w’igihugu ca Gambia akaba umwe mubakuru b’ibihugu ba Africa bivugwa batwazwa umukazo ,yisubiyeko ahakana ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 01 kigarama 2016.

Naho Yahya Jammeh yaheruka kwemera kumugaragaro ko Adama Barrow bahiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu ca Gambia kwariwe yatsinze amatora yo kuba umukuru w’igihugu mushasha wa Gambia,kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 09 kigarama 2016,Yahya Jammeh yisubiyeko amenyesha kwivyavuye mu matora yo kwigenekerezo rya 1 kigarama2016 atarota avyemera na gato kandi ko atagiye kwemerera Adama Barrow kuba umukuruw’igihugu ca Gambia.

Abicishije ku mboneshakure y’igihugu ca Gambia hamwe n’insamirizi y’igihugu ca Gambia,Yahya Jammeh yagize ati”Nari nemeye ivyavuye mu matora kubera n’ibaza ko umurwi ujejwe kuyatunganya wigenga kandi kudahengamye ,ubu rero vyahindutse !!Ndanse ivyavuye mu matora vyose kandi ntanivyo nzemera kuyindi ncuro !!Ndasubiyemwo sinzokwemera ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu kuko yabayemwo ukwihenda n’uguhengama kwinshi”

Yahya Jammeh umukuru w’igihugu ca Gambia kw’ifoto

Naho Yahya Jammeh yanse ivyavuye mu matora ,uwo bari basanzwe bahiganwa ndetse ariwe yanatsinze amatora ,Adama Barrow yamenyesheje ko ivyo mugenziwe yashikirije bitamutangaje kuko asanzwe yagiye kubutegetsi kuncuro yambere atembagaje ubwariho.
Adama Barrow akaba yamenyesheje ko atari na gato Yahya Jammeh azomuha ubutegetsi ahubwo ko ubutegetsi azobuhabwa n’abanyagihugu ubwabo bobo bamwitoreye bakamuhitamwo kugira abarongore.

Inyuma yo gutangaza ibi rero Yahya Jammeh akaba yaciye ashiraho amategeko nkay’igihugu kiri mu ntambara ashira abasirikare mu mabarabara y’igisagara gikuru Banjul kugira bacungere umutekano bikwiye.