Umuvugabutumwa yapompye umuti wica udukoko abayoboke biwe ababwira kwari amavuta meranda abakiza ingwara zidakira

Share this news

Umuvuga butumwa wo mu gihugu ca Africa y’epfo azwi kw’izina rya Lethebo Rabalango yakoze ibintu vyatangaje abantu benshi aho yakoresheje umuti wagenewe kwica udukoko,akawupompa abayoboke biwe ababwira kwari amavuta meranda .
14991091_1189129317803272_3436319409379749655_o

Lethebo Rabalango asanzwe ari umuvuga butumwa mukuru kurushengero rwa the Mountzion General Assembly mu gisagara ca Limpompo mu gihugu ca Africa Yepfo.

Uyu muti wakoreshejwe n’umuvugabutumwa Lethebo Rabalango usanzwe uzwi nka “DOOM”ukaba usanzwe ukoreshwa mu gihugu ca Africa y’epfo mu kwica udukokotwo munzu nk’imibu ,inyenzi n’ibindi.
15202640_1189129391136598_3211796466758441003_n
Naho benshi basaba ko uyu mugabo yofatwa n’ubutungane kuko ivyo yakoze atarivyo kwihanganira ,Lethebo Rabalango wewe yagize ati”Doom uzofasha abarwaye ingwara zidakira nka SIDA,CANCER nibindi gukira kandi naho abantu babona kwari Doom ,sivyo na gato kuko ari amavuta meranda ahezagiye”

Raba amafoto y’ingene Lethebo Rabalango yariko arapompa DOOM ,umuti wica udukoko abayoboke biwe ababwira kwari amavuta meranda.

15171245_1189129311136606_648280026811710154_n

15181487_1189129387803265_8923713386029027983_n

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu kuri Facebook