Umuvugizi w’igipolisi yamenyesheje urutonde rw’ibigwanisho vyafatiwe mu Ngagara

Share this news

Mugihe igipolisi cazindukiye gusaka ibigwanisho mugisagara ca Bujumbura muri commune ya Ntahangwa muri zone ya Ngagara ,Umuvugizi w’igipolisi Pierre c’uBurundi Nkurikiye yongeye gushikiri icegeranyo c’ibigwanisho vyafatiwe muriyo zone ya Ngagara.

Nkuko tubikesha umuvugizi w’igipolisi bwana Pierre Nkurikiye ,yamenyesheje ko ibigwanisho vyafashwe kuruyu musi wakabiri igenekerezo rya 29 KIGARAMA 2015 ari vyinshi cane ndetse kwabona kw’igikorwa co gusaka ivyo bigwanisho kikazohagarara vuga kubera ibigwanisho bikiri mugihugu na cane cane mugisagara ca Bujumbura ari vyinshi cane.

Pierre Nkurikiye yamenyesheje yuko muvyafashwe harimwo:
1:Inkoho zo mubwoko bwa Kalashnikov zigera kuri 3
2:Inkoho tera amaroketi imwe (Un lance roquette )
3:Amabombe ya Mortiers 60 agera kuri 29
4:Amasasu agera kuri 1200 y’inkoho ya Karashnikov

Pierre Nkurikiye akaba yabandanije amenyesha ko inyuma yifatwa ryivyo birwanisho ko abantu bagera kuri 2 baciye batabwa muri yompi n’igipolisi c’uBurundi muntumbero y’amatohoza .

Tubibutse ko ivyo bigwanisho bivugwa ko vyafatiwe muri zone ya Nagara ahasanzwe hazwi nka Quartier 6 ariko amakuru ava ngaho nyene amenyesha ko vyafatiwe ahantu vyari vyimbiwe kwibarabara.

980824_1534401330208679_480210487830241422_o

Leave a Reply

Your email address will not be published.