Willy Nyamitwe yacucagiweko amasasu n’abantu bitwaje ibigwanisho ,ararusimba,umwe mubamucungera ahasiga agatwe

Share this news

Willy Nyamitwe ,umuhanuzi mukuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu akaba numwe mubegereye cane umukuru w’igihugu yaguye mu mutego wabantu bitwaje ibirwanisho ,muriri joro ryo kuwambere ,igenekerezo rya 28 munyonyo 2016.

Iki gitero cabantu bitwaje ibigwanisho cabereye muri Quartier ,Willy Nyamitwe asanzwe abamwo ahasanzwe hazwi nka Kajaga hari mu Buraruko bushira uburengero bw’igisagara ca Bujumbura.

Amakuru yabegereye ,umuryango wa Willy Nyamitwe akaba amenyesha ko naho yacucagiweko amasasu yashoboye kurusimba ,ariko umwe mubasanzwe bamucungera ubuzima yahasize agatwe mugihe uwundi nawe yakomeretse cane.

Willy Nyamitwe akaba arashwe mugihe hari haheze gihe hari agahengwe mu gisagara ca Bujumbura ,ndetse n’ibitero kubategetsi bikaba vyari bisa nivyibagiranwe.

Willy Nyamitwe kw'ifoto

Willy Nyamitwe kw’ifoto